Ku rupapuro rw'ibirimwo

Indome

Ngizi indome z'iki esperanto:

  • Aa ami gukunda
  • Bb bela mwiza (ubwiza bwo ku mutima)
  • Cc celo intumbero
  • Ĉĉ ĉokolado cokola
  • Dd doni guha
  • Ee egala bingana
  • Ff facila coroshe (kitagoye)
  • Gg granda kinini
  • Ĝĝ ĝui kuryoherwa
  • Hh horo isaha
  • Ĥĥ ĥoro umugwi w'abaririmvyi
  • Ii infano umwana
  • Jj juna muto
  • Ĵĵ ĵurnalo ikinyamakuru
  • Kk kafo ikawa
  • Ll lando igihugu
  • Mm maro ikiyaga kinini
  • Nn nokto ijoro
  • Oo oro inzahabu
  • Pp paco amahoro
  • Rr rapida kinyaruka
  • Ss salti gusimba
  • Ŝŝ ŝipo ubwato bunini (imeri)
  • Tt tago umunsi
  • Uu urbo igisagara
  • Ŭŭ aŭto imodoka
  • Vv vivo ubuzima
  • Zz zebro ingeregere
Indome nkuru: A, B, C, Ĉ, D, E, F, G, Ĝ, H, Ĥ, I, J, Ĵ, K, L, M, N, O, P, R, S, Ŝ, T, U, Ŭ, V, Z
Indome ntoyi: a, b, c, ĉ, d, e, f, g, ĝ, h, ĥ, i, j, ĵ, k, l, m, n, o, p, r, s, ŝ, t, u, ŭ, v, z
Amazina y'indome a, bo, co, ĉo, do, e, fo, go, ĝo, ho, ĥo, i, jo, ĵo, ko, lo, mo, no, o, po, ro, so, ŝo, to, u, ŭo, vo, zo

Indome nkuru n'indome ntoyi

Urudome rwose rwubatswe kubiri: Indome nini (zikoreshwa nk'akarorero mu ndome nkuru) n'indome ntoyi. Indome ntoyi zikunda gukoreshwa mu bisomwa. Indome nkuru nazo zikunda gutangurira iryungane canke zigakoreshwa mw'izina ry'uruharo (Indome nkuru)

Ubwatuzo

Hari indome indwi iki esperanto cisangije: Ĉ, Ĝ, Ĥ, Ĵ, Ŝ et Ŭ. Izo ndome zose zifise ubwatuzo. Akatuzo ka 3 kitwa agakofera. Akatuzo ko kuri U kitwa agakofera kuburuye.

Mu gihe bidakunda kwandika utwatuzo nkuko bikwiye, baca bakoresha iyindi nyandiko. Inyandiko yemewe n'amategeko, yatanzwe muri Fundamento de Esperanto, ni ikoreshwa rya H: bongerako H inyuma y'urudome rwategerezwa kujako agakofero, hanyuma bagaca bakurako ako katuzo. Mw'iyandikwa ry'ibisomwa, n'ubutumwa ngurukanabumenyi, n'ibindi, bakunda gushirako x mu kibanza c'agakofero kuburuye: (hx).

Ivugwa ry'amajambo

Indome A,E,I,O et U ni indome zivuga. Izindi ndome zose ni izitavuga. Indome yose itegerezwa kuvugwa, hariho indome zitavuga mu ki esperanto.

Indome zivuga

Urudome ruvuga Intangamarara Indome zitavuga mpuzamahanga
I "i" iminsi yose. [i]
U "u" buri munsi [u]
E Hagati ya «é» na «è», ariko nta narimwe «eu» [e]
O Buri munsi "o" imeze nk'iyuguruye [o]
A Buri munsi "a" [a]

Akatuzo kaduga

Mu majambo agizwe n'indome zivuga zibiri canke zirenga, urudome rumwe ruvuga rurumvikana cane gusumba izindi. Tuvuga ko ifise akatuzo kaduga. Akatuzo kaduga kama kari ku ndome ya kabiri uvuye inyuma. Muri utu turorero dukurikira, urudome ruvuga rukuru rwerekana ahaja akatuzo gashinze: tablO, nenIam, rapIda, taksIo, familIo, revolvEro, krokodIlo, eskImo, diskUtas, mEtro, metrOo, Apud, anstAtaŭ, trIcent, mAlpli, Ekde, kElkmil, n'ibindi.

Urudome ruhereza O rushobora gusubirizwa n'agakwabu. Bagafata nk'urudome ruvuga (ariko rutavuga neza), akatuzo gashinze nako ntigahindura ikibanza.

Ihindagurika ry'isomwa ry'indome zivuga.

Ukuntu tuvuga indome zivuga birahindagurika ku rugero ruhera. Bishobora gushika ko ijwi ryose ritegereza ayandi majwi yose uko ari atanu.

Uburebure bw'indome ntibugira akamaro mu ki esperanto. Dushobora kubivuga ari birebire canke bigufi.

Ijambo ryose ry'iki esperanto rirko rivugwa nta rurimi rukoreshwa cane nko mu zindi ndimi.... nk'akarorero, E ntivugwa nka "ej", na O ntivugwa nka "o-ou".

Indagi

Indagi Intangamarara Indome zitavuga mpuzamahanga
B Nko mu gifaransa [b]
P Nko mu gifaransa [p]
D Nko mu gifaransa [d]
T Nko mu gifaransa [t]
G Buri munsi biragoye nko " ku gituro c'imiduga" nta na rimwe nko" mw'ivi" [g]
K Nko mu gifaransa [k]
V Nko mu gifaransa [v]
F Nko mu gifaransa [f]
Z Nko mu gifaransa [z]
S Iminsi yose bivuza agahwa nka "ss" ariko nta munsi n'umwe bivugwa nka "z" [s]
Ĵ Nko mu gifaransa [ʒ]
Ŝ sh [ʃ]
Ĥ r isomwa (ashi> mu kidagi, jotayi> mu ki espanyore) [x]
H Uguhumeka kudasanzwe nko mu "incabiti" [h]
C "tse" [ts]
Ĝ "j" nko muri "baje" [dʒ]
Ĉ "c" nko muri "ceke" [tʃ]
M Nko mu gifaransa [m]
N Nko mu gifaransa, nta narimwe bavugira mu mazuru: «an», «en», «in», «on» na «un» bisomwa «ane», «ène», «ine», «one» na «oune». [n]
L Nko mu gifaransa [l]
R r ndende [r]
J nka «i» muri «ail», «y» muri «yeux» (nka «j» mu kidagi, canke «y» mu congereza) [j]
Ŭ duonvokalo malvasta malantaŭa [w]

Izivuga zitamenyerewe.

Indome zivuga Jna U zifatwa nk'indome zivuga bivanye nuko bazivuga ariko zozo zisanzwe ari indagi. Zama ari ngufi kandi ntizigera zijako akatuzo. Indome ivuga itamenyerewe yama iri imbere canke inyuma y'urudome ruzwi ko rivuga. U iseruka kenshi nka «aŭ» na «eŭ» ziri hamwe.

Ihindagurika mu kuvuga indome zitavuga.

Mu gihe indagi itumvikana iri imbere y'iyumvikana, abantu benshi bavyumva barashobora kuyifata nk'iyumvikana, bihushanye, Mu gihe indagi yumvikana iri imbere y'iyitumvikana, abantu benshi bavyumva barashobora kuyifata nk'iyitumvikana: Ivyo bintu birabujijwe, ariko mu bikorwa birakunda kubabarirwa mu gihe vyumvikana. Birashika ko abavyumva bibaza ko indome ya nyuma y'ijambo rimwe. Iryo hindagurika ntiryemewe iminsi yose kandi barakunda kuryirinda.

Abumviriza indimi bamwe bamwe barakunda kuvuga indome KV na GV nk'uko umengo zirafatanye nka «kŭ» na«gŭ».Ŭ ntiyigera ikurikira indagi, nico gituma muri ico gihe ata ngorane yigera ihaba mu gutahura, ariko ukuntu babivuga bifatwa nk'amakosha.

Mu ndimi zimwe zimwe, izi ndome P, T, K, C na Ĉ bazivuga bakwega impwemu, nkuko hoba hoba hari H idasomwa, itavugwa. Mu ki Esperanto izo ndome zitavuga mubisanzwe zivugwa atagukwega impwemu, ariko nta mategeko ngenderwako ahari kuri ivyo. Birashoboka zivugwa usubiza impwemu mu kamwamugihe ubishaka, ariko ushobora kugira impungenge yo kuzivuga nka H.

L ivugwa impemu zidasohoka hagati y'amenyo. mu gihe babikoze muri ako gace gusa, L iba yumvikana. Udugije kandi ururimi hejuru, L ntiyumvikana neza, (womengo ni W), iyo L ni ubundi buryo bwemewe, ariko ni ukugaba kugira ngo uyitandukanye na Ŭ. Ivyo vyibonekeza mu gihe uzibiye impemu ntizice hagati y'amenyo.

Mu gihe N iri imbere y'indagi, bashaka kenshi kuyivugira mu magage, kworosha imvugo. kandi ivyo nta ngorane bitera kuko nta ndagi z'inyamazuru canke z'inyamagge ziri mu ki esperanto twoshobora kwitiranya na N. Hejuru y'ivyo, dushobora kugerageza kuvugira M mu marakaraka imbere yuko tuvugira indagi mu magage, n'ibindi ariko iyo si ingorane. Ico dutegrezwa kumenya nuko tutovugira N mu marakaraka kuko muri ico gihe, duhakwa kuyitiranya na M, ivyo navyo bikaba bitemewe. Ego cane, dushobora gukoresha ijwi nshingiro rya N na M.

R yama ari inyamenyo, ariko ikibanza kiberamwo ijwi mu kanwa nta kamaro kanini gifise.Nk'akarorero, R ivugirwa mu marakaraka ni ikoreshwa rinovoye. Ikintu ngirakamaro kuri R, nuko ivugwa neza. R yo mu marakaraka nayo nyene itegerezwa kuvugwa neza. Ni ukuvuga ko bakururta ururimi mu marakaraka. R itegerezwa kuvugwa uko nyene aho iri hose mu ryungane. Nk'akarorero, muri rivero izo R zibiri zitegrezwa kuvugwa kumwe. Barakoresha kandi ubundi bwoko bwa R zemewe mu ngiro. Ariko bategerezwa kugaba mu gutandukanya R n'izindi ndagi canke izo ndome zivuga zitanu.

Uburebure bw'indagi nta kamaro bufise mu ki esperanto. Dushobora kuvuga indagi tunyarutsa canke twikwega, bivanye nuko ubishaka.

Subira ku ntango